jeudi 6 décembre 2007

abategetsi baribaje muricogikorane nabomubona


Ntitwashoboye kumenya igitigiri c'abantu baje muri ico gikorane. Kuwa Mungu, haje abategetsi batari bake. Aba Ministres n'Abashingamateka. Mbere na Ministre wa bonne gouvernance yari yitavye ico gikorake.


Ministre yararonse umwanya wo gushing'intahe ukungene wabaye Ministre. Yavuze ati "nahora nicara mu ntebe z'inyuma murushengero rwa Geurison des âmes ata numw'unzi. Bukeye bahamagara abantu bakeneye akazi n'abipfuza kuba aba Ministre basengerwe nca ndahaguruka mubambere bara dusengera bukeye nicaye ndeba television numva basoma amazina yabatowe kuba aba Ministres numva basomye amazina yanje yose. Mbaza, Madame wanje ko arije basomye canke ari uwundi twitiranwa? Bukeye mpamagazwa ngo nitabe kuko natowe kuba Ministre muri Gouvernement nshasha, ngarutse mbwira Madame nti vyabindi nivyo nijewe bahamagaye kuba Ministre".

Yahejeje avuga ngo: "Imana ibaho kandi irazi abantu bose, yumva n'ama sengesho y'abayi senga".

Turashimir'Imana kubona ikanguro riri mu Burundi kandi mu nzego zose z'Igihugu. Kubona abategetsi baja mubikorane, mu mashengero. N'umugisha mu Gihugu no muma Shengero.

0 commentaires:

Enregistrer un commentaire

Abonnement Publier les commentaires [Atom]

<< Accueil