jeudi 6 décembre 2007

IGITANGAZA : RICHARD ASERUTSE MU GIKORANE

Kumunsi ugira kabiri w'ico Gikorane, tubona hashitse umu ririmvyi adasanzwe yitwa Richard, aza tutumwiteze, biradutagangaza cane kuko asanzwe aba hanze muri America.

Richard, yatubereye umugisha udasanzwe mur'ico Gikorane, abantu bose ntibemera ko ariwe bahora bumva kuri za CD, K7 z'indirimb ziwe. Yaronse umwanya wo kuririmba ashemeza uhoraho, abantu bashaka gukandagirana ngo bamurebe igihe yaririmba.

Ikindi Richard yakoze, n'uko yemereye ishengero rya Guerison des âmes ko amafranga yose azova muri concert ariko arategura azoyatanga afashe mu kubaka iryo shengero. Ahejeje, kuririmba abantu bose baramuhezagiye, arapfukama aba Pastor bose bar'aho bara mu sengera.

Utwo tu drapeau mubona twakozwe n'ishengero rya Guerison des âmes. Mugihe co guhimbaz'Imana abantu bose baratuzamura, bagatazir'Imana. Ivyanditse kur'utwo tu drapeau ni: Zaburi 126: 3.
Havuga ngo: "Uhoraho yadukoreye ibikomeye, natwe turanezerewe"

0 commentaires:

Enregistrer un commentaire

Abonnement Publier les commentaires [Atom]

<< Accueil